sport

Dore amakuru agezweho ku igura n’igurisha ry’abakinnyi Coutinho, Hudson-Odoi, Pogba, Maguire, Neymar, Sane, Sturridge n’abandi.

Umukinyi wo hagati wa Barcelona, Philippe Coutinho, yanze kwinjira muri Manchester United, aho ni mu gihe bivugwa ko bishoboka ko asubira muri Liverpool, ariko hakaba hari amahirwe menshi y’uko uyo mukinyi w’imyaka 27 ashobora kugurwa na Paris St-Germain. (Express)

Barcelona yijeje umufasha wa Coutinho ko nta mugambi ifite wo kugurisha uyo mukinyi, ariko akavuga ko umukiriya wiwe yaba arimo ashaka kugurishwa ku yandi makipe ya Espanye. (Sky Sports)

Bayern Munich ntirota ireka ku gushaka kugura rutahizamu wa Chelsea, Callum Hudson-Odoi w’imyaka 18, bikaba byitezwe ko itanga ayandi mafaranga agera ku miliyoni 45 z’amapawundi muri iki cyumweru (Mail)

Manchester United ntizashobora kugurisha muri Real Madrid umukinyi wayo wo hagati, umufaransa Paul Pogba w’imyaka 26, mu gihe iyi kipe yo muri Espanye umushakisha uruhindu akaba ashobora kujya muri iyi kipe bitarenze  kuwa wa 8 Kanama 2019 igihe igura n’igusirisha ry’abakinnyi risahagararira.(Mirror)

Umukinyi w’inyuma wa Leicester, umwongereza Harry Maguire w’imyaka 26 – asanzwe arimo ashakishwa bikomeye na Manchester United ku giciro cya miliyoni 75 z’amapawundi – yabwiye iyi kipe ko yifuza.(Mail)

Maguire shinza Leicester ko irimo isaba amafaranga arenze urugero, ni mu gihe miliyoni 70 z’ama pawundi zimaze kumutangwako na Manchester United hamwe na Manchester City ariko iramwimana. (Sun)

Rutahizamu w’umunyabrezili Neymar w’imyaka 27, akomeje inkubiri yo gusaba ko yakwisubirira muri Barcelona, akavuga ko icyo aguma yibuka gusumba ibindi byose ari intsinzi ya Barca y’ibitego 6 kuri 1 cya Paris St-Germain mu 2017. (Mail)

Uyu mukinyi wa PSG, uwa mbere yaguzwe amafaranga menshi ku isi, yagiye kwunyura ibintu mu gukwirakwiza amafoto ye yambaye imyenda ya Barcelona, yakurikijeko ubutumwa bwo mu isezerano rya kera muri Bibiliya. (Goal.com)

Umukinyi wa Tottenham akina hagati, Christian Eriksen w’imyaka 27 asanzwe kandi akinira Danemark, ashobora gukomeza akinira uyi kipe kubera habuze indi kipe ifite uburyo bukwiye kugira ngo ishobore kumugura. (Guardian)

Liverpool yinjiye muyandi makipe ashaka rutahizamu wa CSKA Moscow, Fedor Chalov kuri miliyoni 20 z’amapawundi. Arsenal, Manchester City, Tottenham, Chelsea na Manchester United nazo nyine zikaba zishinze ijisho uyu mukinyi w’imyaka 21. (Mirror)

Tottenham ikomeje gushaka umukinyi wo hagati wa Real Betis Giovani lo Celso w’imyaka 23 asanzwe kandi akinira ndetse n’igihugu cye cya Argentina. Ku ruhande rwayo, Betis ishinze ijisho ku mukinyi wo hagati w’umufaransa, Nabil Fekir afite imyaka 25, akaba asanzwe akinira Lyon. (Football.London)

Arsenal yatanze ayandi mafaranga angana n’imiliyoni 25 z’amapawundi ku mukinyi w’inyuma wa Celtic, Kieran Tierney w’imyaka 22, inyuma y’aho iyi kipe yo muri Ecosse wariwanze igiciro cya miliyoni 15 z’amapawundi zari zatanzwe na Arsenal mu kwa gatandatu. (Mail)

Daniel Sturridge yahawe uburyo bwo gusinyira ikipe ya Bologna yo mu Butaliyani, inyuma y’aho uyu rutahizamu w’umwongereza w’imyaka 29 aviriye muri Liverpool. (Express)

Arsenal iriteguye guhangana na Tottenham hamwe na Juventus mu gusinyisha umukinyi wo hagati wa AS Roma, Nicolo Zaniolo w’imyaka 20. (Calciomercato)

Umukinyi wo ku ruhande wa Manchester City, Leroy Sane, ntakirimo gushakishwa  na Bayern Munich yonyine – uyu mudagi w’imyaka 23 arimo arwanirwa n’amakompanyi akora inkweto z’abakinnyi. (Sun)

To Top